Gambia: inteko za Senegal ziragavye ni Jammeh yaguma ku butegetsi

Senegal, ikikuje Gambia, yatowe ngo irungike inteko zayo igihe uruhagarara rwobandanya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Senegal, ikikuje Gambia, yatowe ngo irungike inteko zayo igihe uruhagarara rwobandanya

Jammeh yari yemeye ko yatsinzwe amatora itariki 1 y'ukwezi kwa 12, mu nyuma avuga ko yaranzwemwo amakosa.

Uwurongoye Ecowas yavuze ko Senegal ariyo yatowe ngo irongore ibikorwa"vyo gusubizaho ivyifuzo vy'abanyagihugu" ni vyaba bikenewe.

Prezida Jammeh aramaze kuvuga ko ata muntu azomutera ubwiba, avuga ko Ecowas itarekuriwe kwinjira mu bibera muri Gambia.

Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi yarashingishije urubanza muri sntare ntahinyuzwa ngo ihanagure amatora yose igihe umurwi ujejwe kuyakurikirana uhinduye ibitigiri bimwe bimwe.

Uwo murwi waravuze ko bitakoze ku vyavuye mu matora muri rusangi, ko Adama Barrow yatsinze amatora kandi ko ategerezwa kurahira itariki 19 z'ukwezi kwa mbere.

Image caption Ikarata yerekana Senegal na Gambia

Marcel Alain de Souza, arongoye umurwi wa Ecowas, yavuze ko Jammeh afise kugera kuri uwo musi ngo abe yakurikije ivyo yasabwe n'abahuza.

"Atagiye, dufise inteko zirindiriye kandi zigavye kandi zino ngabo zotegerezwa kwinjira zigasubizaho icipfuzo c' abanyagihugu,"niko yavuze.

Gambia, yahora ikoronijwe n'Ubwongereza, ikikujwe ku mpande zitatu na Senegal.

Jammeh yavuze ko naho ari "umugabo w'amahoro", ko bidasigura ko atazokwigwanira canke agwanire igihugu n'ishaka ryinshi, nk'uwukunda igihugu ciwe kandi atsinde".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/AFP
Image caption Adama Barrow, ibubamfu, yarushije Yahya Jammeh, i buryo, ku majwi make

Urwo ruhagarara ruramaze gukora ku butunzi bw'ako gahugu gatoya ko muri Afrika y'uburengero bugendera ku bakerarugendo, ikigo g'igihugu kigenzura ubudandaji"Chamber of Commerce " kikaba cavuze ko ubudandaji bwatandukiwe nabi, umumenyeshamakuru wacu niko yavuze. "

Sentare Ntahinyuzwa yavuze ko izokwumviriza urubanza rwashingishijwe n'umugambwe wa Jammeh itariki cumi z'ukwezi kwa mbere, ukaba usaba ko ivyashikirijwe vyavuye mu matora vyohanagurwa.