Burundi: Imyiteguro ya Noweli irabandanya

Abana bari kumwe na "Père Nöel"bitegurira guhimbaza Noweli
Image caption Abana bari kumwe na "Père Nöel"bitegurira guhimbaza Noweli

Mugihe bamwe mubanya gisagara bavuga ko batazohimbaza Noel kubera bugarijwe n'ubukene, hari n'abandi bamaze gutangura kugirira umusi mukuru imiryango yabo canke abana mu kubagurira ivyotuma bigina neza uwo musi uhambaye no mu kubanezereza mu buryo butandukanye.

Umurezi Minani Clément yaje muri ico kibanza azanye utwana duto kwinezereza avuga ko kuzana abana muri ico kibanza bifise insiguro.

« Ni ukugira tunezereze abana. Bari bamaze imisi myishi bari kwishure bakurikira ivyigwa, ariko uno musi twashatse bahindure ivyiyumviro, babone ibintu bishasha bongere bahimbaze Noel mu munezero », ukwo nikwo Minani abisigura.

Abandi baha utuganuke abana babo babicishije kuri "Père Nöel".

Image caption Abana batamba imbere ya "Père Nöel"

Mu gisagara haratunganijwe isoko igurishirizwamwo cane cane utudandazwa turanga Uburundi hamwe n'ikibanza abana bakiniramwo. . Nubwo ku ruhande rw'abana ari umunezero, abanyamyuga bagurisha ivyo bahingura bari iruhande yabo ntibanezerewe. Ngo baramara umusi wose bataronse uwubashorera.

Bamwe muri bo bemeza ko biva ku bukene bwugarije abarundi ariko hari n'abatanga iyindi nsiguro.

"Abantu bo ngaha mu burundi ntibakunda kugura ibintu kavukire. Bo bakunda ibiva iburaya. Mbere twebwe ahanini abahora bagura ivyo duhingura bari abanyamahanga, none ubu nabo ntibakiza. Kumbure bibaza ko mu burundi hari ingwano ariko sivyo ", ukwo nikwo umwe muri bo abisigura.

Image caption Abana barabashushanyako utuntu dutandikanye

Hari n'abandi barondera amahera mu bundi buryo nko mu gusiga abana babashushanyako imideri itandukanye.

Iciyumviro co gutanguza isoko ya Noel catanguye mu 2014 nkuko bimenyeshwa na Léonidas, umuyobozi mukuru ajejwe igisata c'ingenzi, mu bushikiranganji bw'ubudandaji, ari naco gihagarariye ivyo bikorwa.

« ico ciyumviro caje aho twabona ko ari vyiza kunezereza abana mu bihe vya Noel, guha akaryo abavyeyi kugira bagure utuganuke kugiciro kibayabaye ariko cane cane gushigikira abanyamyuga b'abarundi », ukwo nikwo Léonidas abisigura.

Uno mwaka icibonekeza ni uko ata ruja n'uruza rukomeye rw'abantu baza kugura ibintu vya Noel nko mu myaka iheze, ikibazo c'umutekano kikaba mu bituma abanyamahanga bahurumbira ibintu bikoregwa mu Burundi bagabanuka.