Ikirobo gishobora gukora imibonano mpuzabitsina

Ikirobo gishobora gukora imibonano mpuzabitsina gishobora kuboneka mu mwaka uza Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ikirobo gishobora gukora imibonano mpuzabitsina gishobora kuboneka mu mwaka uza

Woba wipfuza guhuza igitsina n’ikirobo? Wokubakana n’ikirobo? Mbe ikirobo gishobora kuvyanka?

Ibi ni bimwe mu bibazo bike bibazwa mu nama ya kabiri yo kugira umugenzi w’ikirobo uretse guhuza igitsina na co muri kaminuza ya Goldsmith mu gisagara ca Londres inyuma y’aho reta ya Malaysia, ari na yo yateguye iyo nama kuvyamirira gusa.

Iyo ngingo yavyuye ibibazo atari ku bihugu gusa bitsmbaraye ku vyiyumviro vya kera.

Nta baserukiye igisata kiraba ivyo guhuza ibitsina canke ibirobo bigira imibonano mpuzabitsina muri iyo nama.

Kompanyi ya Rel Dolls ikora ibirobo, ivuga ko izokora ikirobo gishobora kugira imibonano mpuzabitsina kandi bagihe n’ubwenge mu mwaka uza.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ni abantu bake bavuze ko iki kirobo kibereye ijisho

Mu gihe ivyo vyoshoboka, bizoba bije kwemeza ivyavuzwe na David Levy yagumye avuga ko hagiye kuza ibirobo bisa n’abantu kandi bifise ubwenge.

Yashikirije ijambo ryo kurangiza iyo nama aho yasavye ko hokorwa ibirobo bigira imibonano mpuzabitsina.

”Turafise robi z’abagenzi, ubu rero ikirobo gishobora kukubera umugenzi, ni vyo bigezweho”.

Mu myaka cumi iri imbere, birashoboka ko hazokorwa ikirobo abantu bazokenera mu kuryamana, gikundana, cizewe, ciyubashe kandi citidoga – uko ni ko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Kuri bamwe baripfuza cane kugira imibonano mpuzabitsina n'ikirobo, ku bandi na bo ngo nta ho bitaniye n'ubugizi bwa nabi.

Benshi bazipfuza kugiriranira imibonano n’ibirobo mbere hashobora kuba n’abipfuza kwubakana mu mategeko.

Uwo mugambi wo kugira umukunzi w’ikirobo ushobora kuzana ibibazo vyinshi bicanyi n’imico, na cane cane mu gihe itegeko rizotegerezwa kwemera ko ikirobo ata ho bitaniye n’abantu.