Uwakoze igitero c'I Berlin yiciwe mu gisagara ca Milan

Igipolisi c'Ubudagi cerekanye amafoto ya Anis Amri Uwufise ububasha kw’isanamu BKA / HANDOUT
Image caption Igipolisi c'Ubudagi cerekanye amafoto ya Anis Amri

Uwukekwa kugira igitero I Berlin, Anis Amri, yarashwe n’igipolisi ca Milan, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu Butaliyano.

Uwo mugabo yarashe umupolisi yariko aramusaba ivyangombwa mu karere ka Sesto San Giovanni mu masaha yak are ku wa gatanu, ata gukekeranya ni Anis Amri, n’uko Marco Minniti avuga.

Umupolisi umwe yakomeretse muri uko kurasana ariko ntababaye cane.

Igitero co ku wa mbere I Berlin mw’isoko rya Noheli cahitanye abantu 12 n’abandi 49 bakomeretse.

Amakanda y’uwo mugabo yishwe ahuye n’aya Amri, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo mu Butaliano.

Abategetsi b’Ubudagi bemeje ko basanze amakanda ya Amri mw’ikamyo yakoresheje mu kugira igitero co ku wa mbere ku mugoroba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ukurasana kwabereye mu karere ka Sesto San Giovanni area mu ntara ya Milan

Ico gitero cabereye mw’isoko ya Noheli ku cibutso co kw’isengero ya Kaiser Wilhelm, mu burengero bw’umugwa mukuru w’Ubudagi.

Inkuru zitangwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubutaliyano Ansa, Anis Amri yagiye na gariyamoshi ica mu Bufaransa ija I Turin, hanyuma afata iyindi imushikana I Milan.

Kuva ku gituro ca gariyamoshi kiri hagati mu gihugu yaciye agana I Sesto San Giovanni, ahaba abanyagihugu basanzwe.

Yariko aragenda n’amaguru igihe yasabwa kwerekana ibimuranga, nk’uko bivugwa na Ansa.

Amri, umunye Tunisia w’imyaka 24, yarapfungiwe mu Butaliyano inyuma yo guhamwa n’icaha c’ubugizi bwa nabi hamwe n’ubusuma mu 2011.

Yarazwi n’abategetsi b’abataliyano nk’umuntu afise inyifato mbi yo kugwana igihe yari apfunzwe.

Amaze kurekurwa, yasabwe kuva muri ico gihugu.

Yashitse mu Budagi aho yasavye ubuhungiro mu kwezi kwa kane muri uyu mwaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ikigandaro kirabandanya i Breitscheidplatz hagati mu Budagi ahabereye ico gitero

Umushikirizamanza kizigenza w’Ubudagi yavuze ko ari we akekwako igitero c’I Berlin, anemera n’igihembo c’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’abanyaburaya, ku wotanga inkuru yotuma afatwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu Budagi ashobora kutagira ico avuze kubivugwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi ko Amri bamubonye mu musigiti w’I Berlin mu masaha yakurikiye ico gitero.

Mu bikorwa bitandukanye, igipolisi cahagaritse abantu babiri mu gisagara ca Oberhausen mu Budagi, bakekwako gutegura igitero kibanza co kudandarizamwo.

Minniti yashimagije abajejwe umutekano bahagaritse Amri, avuga ko ico gikorwa cerekanye ingene inzego zijejwe umutekano z’Ubutaliyano zikora neza.

“Uwo muntu acinjira mu gihugu cacu, umuntu aronderwa mu Buraya bwose, twaciye ubwo nyene tumumenyaa duca tumukorerako,” ni uwo mushikiranganji yavuze.