Israel yarakajwe n'ingingo y'inama y'umutekano kw'isi

Palestina ivuga ko ingingo yo kubuza Israel kugerera ku butaka bwayo ari intsinzi y'amakungu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Israel ibona ko ingingo yo kuyibuza gukomeza kwubaka ku butaka bwa Palestina 'iteye isoni'

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yamenyesheje ko Israel itazokwirikiza ibisabwa n'ingingo y'inama y'umuteknao kw'isi, yise ko 'iteye isoni'.

Israel yatumyeko kugirango ivugane n'abayiserukira muri Nouvelle Zelande na Senegal, ibihugu vyateguye urwandiko rw'iyo ngingo.

Yaciye ifata icemezo co guhagarika infashanyo yaha igihugu ca Senegal.

Umuvugizi wa leta ya Palestina, Saeb Erekat, we yavuze ko iyo ngingo, ari intsinzi ku mategeko mpuzamakungu.

Iyo ngingo yatowe kubera igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika cahora gishigikira Israel cahisemwo kutagira ico kiyivuzeko.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Leta zunze Ubumwe za Amerika vyishuye ku majambo yo kunebagura Perezida Obama kuri iyo ngingo yaraye itowe, aho bamwe bavuga ko ubutegetsi bwa Obama bwahemukiye somambike wa Amerika; Israel.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu biravuga ko vyabonye ari ngombwa kugira ico bikoze mu gihe ata biganiro biboneka biriko biraba mu nzira y'amahoro hagati ya Israel na Palestina.

Abandi baridoga ko Obama yarindiriye kugeza mu munota wa nyuma w'ubutegetsi bwiwe.

Uwugiye kumusubirira Donald Trump, yerekanye mu gihe co kwiyamamaza kwiwe ko ashigikiye cane Israel, yavuze ko aho ashikira ku butegetsi mu kwa kwezi kuza ibintu bizoba ibindi.