Trump yashimye ikete yarungikiwe na Putin

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump ariko arondera inzira mw'isinzi ry'abantu, inyuma y'ijambo ryo kunegura masezerano ya nuclair na Iran mu kwa 09 /2015

Abafasha ba Donald Trump aherutse gutorwa kuyobora Leta zunze Ubumwe za Amerika, batangaje ibaruwa yandikiwe na perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ikete Putin avugamwo ko afise ivyizigiro ko imigenderanire hagati y'ibihugu vyabo igiye kwisununura.

Urwo rwandiko rwanditswe mu ntango z'uku kwezi, ruvuga ku kwongereza imigenderanire hagati y'Uburusiya na Leta zunze Ubumwe za Amerika, ikagera ku rundi rwego.

Bwana Trump yise urwo rwandiko ko ari 'akabaruwa keza', kandi mu majambo yiwe, 'kavuga ukuri'.

Ku munsi wa kane aba bagabo bompi, bari bavuze ku kibazo co kwongereza ibigwanisho vya nucleair, umwe wese ku gihugu ciwe, ivyatumye bamwe bagira impungenge ko bagiye guhiganwa mu kwongera ivyo bigwanisho ruhonyanganda.

Abihweza utuntu n'utundi babona ko perezida Putin yizeye ko Trump ashobora gufuta ibihano vyafatiwe Uburusiya, kubera ingingo ico gihugu cafashe yo kuja kuvogera intara ya Crimea, yari kuri Ukraine.