Abafitanye isano na Anis El-Amri bafatiwe Tunis

Umwe mu bafashwe ni umuhungwabo wa Amri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption IS yasohoye video ya Anis Amri arahira kuyoboka umukuru wayo Abu-Bakr al-Baghdadi

Abategetsi ba Tuniziya bamenyesha ko bafashe ico bise 'akagwi k'iterabwoba' gafitanye isano na Anis Amri, yagavye igitero mw'isoko rya Berlin.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati wa Tuniziya, bumenyesheje ko akagwi kafashwe kari kagizwe n'abantu batatu, barimwo umuhungwabo wa Anis Amri.

Amakuru ava mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu muri Tuniziya, avuga ko Amri yoheje umuhungwabo kwemra ivyuimviro vy'ubutagondwa, no kurahira indahiro imutegeka kuyoboka umugwi Islamic State.

Abantu 12 barishwe abandi benshi barakomereka igihe Amri yahurira imodokari yo mu bwoko bwa kamyo nini, mw'isoko rya Noheli mu muji wa Berlin mu Budagi.

Yarashoboye kuhava yihishe, ariko yarasiwe mu muji wa Milan ku munsi wa gatanu.