Ingede y'Uburusiya yaguye mu mazi irimwo abantu 92

Indege y' Uburusiya yaguye mu mazi Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption Indege z'igisirikare z' UBurusiya za Tu-154 zihora zija muri Syria ziherekejwe n'izitera ama bombe

Ubushikiranganji bwo kwivun'abansi bw'Uburusiya bumenyesha ko amato, za kajugujgu hamwe n'izindi ndege zigenda zitarimwo umudereva bita drones ziriko zirarondera indege yaguye mu Kiyaga cirabura.

Bimwe mu bimanyu vy'iyo ndege bimaze kuboneka mu mazi yo hafi ya Sochi nko ku kirometero n'igice uvuye ku nkengera z'amazi.

Iyo ndege -Tupolev-154 yarimwo abantu 92, abenshi bakaba bari mu mugwi w'abasirikare wa Alexandrov Ensemble, batunganya ibirori vy'iminsi mikuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi Alexandrov Ensemble mu birori vy' i Paris mu 2015

Bari bitezwe kuremesha igiteramo ku kigo ca gisirikare c'Uburusiya hafi y'umuji wa wa Latakia muri Syria.

Harimwo kandi n'abanyamakuru hamwe n'abandi bakozi bo mu gisirikare muri iyo ndege.