Donald Trump yemeye kwugara ikigo 'Trump Foundation'

Pam Bondi na Donald Trump mu kwa munani 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amafaranga bwana Trump yahaye umushikirizamanza wo muri leta ya Florida, Pam Bondi (ibuibanfu kw'ifoto) ariko akogwako itohoza

Donald Trump yatangaje umugambi wiwe wo kwugara ishirahamwe ry'ubugiraneza ryiwe, Trump Foundation, mu gihe hari amatohoza agikorwa ku bikorwa vy'iryo shirahamwe.

Uyu aheruka gutorwa nk'umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika yameneysheje ko yifuza gukuraho ' n'icogaragara' nk' ikidahuye n'amabanga yiwe agiye kujamwo.

Umushikirizamanza mukru wa New York ariko yihweza nimba hari amakosa iryo shirahamwe ryoba ryarakoze, n'ubwo bwana Trump we abihakana.

Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru bimenyesha ko bwana Trump adashobora kwugara ico kigo ciwe kandi kiir mw'itohoza.

Mw' itangazo yashize ahabona kuri uyu wa gatandatu, bwana Trump yavuze ko ico kigo ciwe cakoze vyinshi mu myaka iheze.

Bwana Trump azorahizwa kuwa 20 z' ukw ambere umwaka buca utangura, asubirira peerzida Barack Obama

Umushikirizamanza mukru wa New York Eric Schneiderman yamenyesheje mu kwezi kw' icenda ko ibro vyiwe bishaka kumenya nimba ikigo 'Trump Foundation' cubahiriza amategeko agenga ibigo vy'ubugiraneza yo muri iyo leta ya New York.

Ibinyamakuru vyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, bimenyesha ko ibiro vya bwana Schneiderman vyatanguye gukora itohoza ku kigo Trump Foundation kuva n' imiburi buri mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka, aho vyarondera kumenya ibijanye n'ingabire ico kigo cahaye umugwi ushigikiye umushikirizamanza mukuru wo muri leta ya Florida, Pam Bondi, asanzwe ari umu Repubulikani, hari mu 2013.

Ayo ma dorari 25,000, yatanzwe igihe vyavugwa ko ibiro vya Bondi vyariko vyitegura gutangura itohoza ku caha co kunyanganya amafaranga cavugwa muri kaminuza ya Trump.

Iryo tohoza ntiryigeze riba, nw'ubwo umupfasoni Bondi sahakana ko ingingo yo kuriheba yoba yaturutse kuri ayo mafaranga yatanzwe.

Abafasha ba Trump bo bamaze kwemera ko kuriha ayo mafaranga vyaturutse ku makosa

Ikigo Trump Foundation n'iki?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump.

Ikigo 'Donald J Trump Foundation' n' ishirahamwe ry' ibikorwa vy'ubugiraneza. Catangujwe na Donald Trump in 1987 akoresheje amafaranga yakuye mu itabo yanditse, 'The Art of the Deal'.

Kugeza mu 2005, ahanini ico kigo cahabwa intererano na Trump ubwiwe,. aho yashizemwo umuriyoni w' ama dorari mu 1989.

Ariko kuva ico gihe, caronka intererano zivuye mu bagenzi biwe n;abandi bifatanije ibikorwa.

Ibiharuro vyo mu 2014 bigaragazwa n'ikigo kigenzura ubutunzi indani mu gihugu, ari navyo vya vuba, vyerekana ko ico kigo cemeza ko gifise ubutunzi bwa $1,273,895, kikaba caronse intererano ya $500,849, ahanini iturutse ku mutunzi Richard Ebers, yungukira mu gucuruza amatike yaguzwe muri New York. Ico kigo ubwaco casohoye $591,450.

Abandi baterera ico kigo ni umunonotsi Vince McMahon, hamwe n'ikigo ca terevuziyo NBC Universal, cahitisha ikganiro ca Trump, The Apprentice

Amasnhi mu mafaranga yahabw aikigo Trump Foundation bigaragara nk; aho yaba arishwe we ubwiwe.

Ikinyamakuru People Magazine catanze muri ico kigo $150,000 kimaze kwemeregwa gutangaza amafoto y'umhungu wa Trump, Barron.

Comedy Central naco catanze $400,000 akimaze kwerekana bwana Trump mu kiganiro kigenewe ivyamamre