Papa:'N'igihe co gucereza kw'ibigwanisho'

Umwungere wa Ekleziya Katolika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Papa Francis

Papa Francis yeteye akamo abashobora guhuza abanye Israel na Palestina kurushaho kugerageza, bakabona amahoro hagati yabo.

Mu misa yama asoma ku munsi wa Noweli i Vatican, Papa yasavye impande zompi za Israel na Palestina kugira ishaka ryo kwinjira mu bihe bishasha, urwanko n'inzikira yo gushaka kwihora bakabishira inyuma yabo.

Umukuru wa Ekleziya Katolika yateye akamo kandi abari mu ntambara muri Syria gushira inkota mu rwubati.

Papa Francis kandi yasabiwe abahitanywe n'igitero cagabwe hakoreshejwe i kamyo mw'isoko ya Noweli mu muji wa Berlin mu Budagi, aho bagera kuri 12.

Mu butumwa bwiwe bwo kuri uyu munsi wa Noweli, umwungere w'ishengero rya Anglicane kw'isi, Musenyeri mukuru wa Canterbury, nawe yabwiye abakirisu kwerekeza ivyizigiro vyabo ku Mana kugirango batsinde agashitsi k'iterabwoba.

Justin Welby yabariye abari mu misa muri Cathedrale ya Canterbury, ko hakwiye gukorwa vyinshi mu ntumbero yo kugwanya ikimanga kiri hagati y'abakene n'abakire.