Umufaransakazi yanyururijwe muri Mali

Uburaruko bwa Mali bugabwako ibitero rimwe rimwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare barikanuye kw'ibarabara hafi y'umugwa mukuru Bamako

Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu bumunyesha ko umufaransakazi, Sophie Petronin, yanyururijwe mu buraruko bwa Mali mu muji wa Gao.

Sophie Petronin ni umukozi akuriye ishirahamwe rifasha abana bafise ingwara zo gufungura nabi -AAG, aho mu muji wa Gao.

Nta mugwi uriyitirira iryo nyuruzwa rya Sophie Petronin.

Uburaruko bwa Mali bwakomeje kugabwako ibitero rimwe na rimwe n'umugwi w'abiyitirira idini rya islamu, kuva muri 2012 aho bamariye gutsindwa n'igisirikare cafashwa n'abafaransa, bagwanirizwa hamwe n'umugwi w'aba gwanyi b'aba Tuareg.