Israel irashaka kwihaniza abagize UNSC

Israel yashavuriye inama nkuru y'umuterknao kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Netanyahu arqshaka kwihaniza abagize inama nkuru y'umutekano

Bwana Benjamin Netanyahu ashavujwe n'uko abagize inama nkuru y'umutekano kw'isi yaraye itoye ingingo ibuza Israel kwubaka mu turere tw'abanya Palestina twa Cisjordanie na Yerusalemu y'Ubuseruko.

Abaserukira Ubufarnsa, Ubwongereza n'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa ndetse na Espagne bari mu bazotumwako kwisobanura.

Uwuserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika i Tel Aviv we ntazotumwako.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibihugu bigize inama nkuru y'umutekano kw'isi vyatoye ingingo ibuza Israel kugerera mu turere tw'Abarabu

Ingingo ya leta zunze Ubumwe za Amerika yo kudatangira iyo ngingo, yatumye ishobora gutorwa.

Ariko Amerika nico conyene kitatoye iyo ngingo, cahisemwo kwifata, ibindi bihugu vyose vyo mu nama nkuru y'umuteknao birayemeza.