Uburusiya burarondera bikomeye abazize impanuka y'indege

Igikorwa co kurondera abazize impanuka y'indege mu kiyaga cirabura, mu Burusiya,ifoto:itariki 25 ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ubwato burenga 20, indege, kajugujugu n'abahinga mu kwibira bari muri ico gikorwa.

Igikorwa co kurondera abantu 92 bazize impanuka y'indege ya gisirikare mu Burusiya mu kiyaga cirabura kirabandanya.

Abantu bashika 3.500 bari mu mato, indege na za kajugujugu bari muri ico gikorwa hagufi ya Sochi.

Iyo ndege yari itwaye abasirikare, n'abandi bantu harimwo n'abamenyeshamakuru yari igiye muri Syria.

Abari muri yo bose birashoboka ko bapfiriye muri iyo mpanuka yo ku muri w'Imana.

Umusu wa mbere wabaye umusi wo kugandara mu gihugu cose.

Imigwi itabara harimwo abibira ba rurangiranwa bakoze ijoro ryose bakoresheje amato atatu, kandi ico kigorwa nticigeze gihagarara n'umunota, nk'uko vyamenyeshejwe n'umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Maj Gen Konashenkov ku musi wa mbere mu gitondo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Yavuze ko ibiziga 11 hamwe n'ibice vy'indege 154 bimaze gutorwa kuva ico gikorwa gitanguye.

Mw'ijoro, yongeyeko ko hakoreshwe ibitara bimurika kure mu gikorwa co kurondera neza muri ako karere.