Wenger: Mfise urucanco rw'abanebagura

Abakunzi ba Arsenal bashaka ko Arsene Wenger yirukanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi ba Arsenal bashaka ko Arsene Wenger yirukanwa

Umumenyereza w'umugwi wa Arsenal avuga ko "afise urucanco" rumukinga abamunebagura bikomeye, bashaka ko yirukanwa muri wo mugwi.mu gihe bitegurira gukora uko bashoboye ngo batware igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, aho mbere bitegurira gutana mu mitwe na West Brom Albion.

Gunners bari mu kibanza ca kane ku rutonde, bakaba bari inyuma ya Chelsea iri mu kibanza ca mbere amanota icenda yose, inyuma yo gutsinda Everton na Manchester City .

Wenger ubu ari mu mwaka ugira 20 amenyereza Arsenal agereranya umupira w'amaguru na politike, aho uwo ari we wese afise uko abona ibintu.

None Arsenal yoba itanguye gucika intege ku buryo itotwara igikombe?

Uwo mumenyereza wo mu Bufaransa, amasezerano yiwe azoherana n'uyu mwaka, avuga ko abandanya kuvyibazako buri gihe.

Image caption Arsene wenger avuga ko afise urucanco ku bamunebagura bikomeye.

"Nta rucanco mfise rw'abanegura", ni ko yongeyeko " ariko ku banebagura kurenza urugero ndarufise".

"Namenyereje uyu mugwi imyaka myinshi, kuri jewe ndababazwa n'abantu bakunda uyu mugwi bari bafise agashavu kenshi gushika ku wa mbere mu gitondo, dutegerezwa kubategera. Ntibisigura ko bazohindura aho bahagaze nitwatsinda urukino rukurikira".