Umuririmvyi George Michael yitavye Imana afise 53

Umuririmvyi George Michael
Image caption Umuririmvyi George Michael

Uwo muririmvyi akomeye yatanguye kumenyekana ari mu murwi Wham mu myaka yo 1980 na cane cane aririmba wenyene "yapfuye mu mahoro" ku musi wa Noweli ahitwa Goring i Oxfordshire, nkuko uwamufasha yavuze.

Uwamugenzura mu kazi,Michael Lippman, yavuze ko yahitanywe n'ingwara y'umutima.

Image caption George na Ridgeley batanguranye hamwe Wham

Uwo muririmvyi yavuza mu murwi Wham, uwo bari kumwe Andrew Ridgeley yavuze ko "atuntujwe no kubura umugenzi yakunda".

Yandikira kuri Twitter akoresha izina rya Michael bakunda kumuhamagara mu muryango "Yog", yongeye ati: "Jewe, abo yakunda, abagenzi, abaririmvyi bo ku isi n'isi nzima, tuzokwama tumukunda. A xx"

Image caption Amajambo ya Ridgeley

Kuri Instagram, Sir Elton John yashizeho ifoto yiwe bari kumwe na Michael, yandika ati: "Ndababaye cane, nabuze umugenzi nakunda-w'umutima mwiza, akunda abandi, umucuraranzi akomeye. Ndifadikanije n'umuryango wiwe hamwe n'abamukunda kandi yaririmba."

Image caption Avuye mu murwi Wham akaririmba wenyene Michael yaratahukanye udushimwe twinshi

Umuryango wa Michael wamenyesheje ivy'urupfu rwiwe mu itangazo wasohoye hamwe n'uwamufasha.

"Tubamenyesheje n'umubabaro mwinshi ko umwana twakunda, umuvukanyi n'umugenzi George ko yitavye Imana mu mahoro i muhira iwe muri bino bihe vya Noweli,"niko itangazo rivuga.

"Umuryango uramenyesheje ko ukeneye kuguma wonyene muri bino bihe vy'umubabaro. Nta yandi majambo dukeneye gushikiriza kuri uno mwanya."

Ishirahamwe ryunguruza abagwaye "South Central Ambulance Service" ryahamagajwe ku rugo rwa Michael 13:42 GMT. Igipolisi ca Thames Valley carahashitse kiremeza ko Michael yapfuye.

Congeye kiti: "Muri kino gihe dufata runo rupfu nk'ikintu kidasiguritse ariko ntawe twikeka. Ikiziga kizosuzumwa ni hagera kugira hamenyekane icamwishe."

Indirimbo zatumye amenyekana cane zirimwo:

Wake Me Up Before You Go Go (mu murwi Wham!) - 1984

Freedom (mu murwi Wham!) - 1984

Careless Whisper - 1984

I'm Your Man (mu murwi Wham!) - 1985

The Edge of Heaven (mu murwi Wham!) - 1986

A Different Corner - 1986

I Knew You Were Waiting For Me (na Aretha Franklin) - 1987

Don't Let the Sun Go Down on Me (na Elton John) - 1991

Five Live EP (na Queen hamwe na Lisa Stansfield) - 1993

Jesus To A Child - 1996

Fastlove - 1996

Image caption Diana na George bari abagenzi

Mu bakunda mu bakomeye bakunda uwo muririmvyi harimwo igikomangomakazi ca Wales, Diana. Bahavuye baba abagenzi.

Ubuzima bwa George Michael

Akivukira mu buraruko bw'igisagara ca Londres, Michael yitwa Georgios Kyriacos Panayiotou. Uwo muririmvyi rurangiranwa yasohoye album imiliyoni 100 mu myaka 40. i

Yatanguye kuba rurangiranwa ari kumwe n'uwo bigana Ridgeley mu murwi w'abantu babiri (duo) Wham! Yarashizwe ku rutonde rwa mbere mu biririmbana incuro zine mu Bwongereza. Indirimbo yabo "Last Christmas" ni iya 16 mu gisata c'abiririmbana.

Uretse ku bijanye n'umuzika George Michael yaragiye cane mu binyamakuru.

Mu gihe atifuza ko ubuzima bwiwe ku bijanye n'igitsina buvugwa, Michael yariyemereye ko we ashima kuryamana n'abagabo nka we inyuma yaho afatiwe mu kazu ka surwumwe ahitwa Beverly Hills mu ntara ya Californie, ari mu bikorwa bitemewe n'amategeko.

Mu kwezi kwa cumi 2006 yariyemereye amakosa ko yagendesheje imodoka yafashe ibiyovyabwenge birimwo "cocaine".

Mu kwezi kw'icenda 2010, yakatiwe igihano co gufungwa imyaka umunani yagonze iduka n'imodoka yiwe ya Range Rover kubera ugufata ibiyovyabwenge.