RD Congo: abantu barenga 20 bishwe n'inyeshamba

Ikarata yerekana ubuseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo
Image caption Ikarata yerekana ubuseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo

Ubutegetsi bwa RD Congo bwavuze ko umurwi w'abagwanyi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wo gihugu c'Ubuganda "the Allied Democratic Forces" (ADF), ariwo uri inyuma y'ubwo bwicanyi bwabereye hafi y'igisagara ca Beni ku musi wa gatandatu.

Hari amakuru avuga ko ingabo z'igisirikare ca Congo zoba zarabugizemwo uruhara.

Igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera mu gihe vyikekwa ko hari ibiziga vyinshi mu ishamba riri hafi.

Muri ino myaka ibiri iheze akarere gakikuje Beni kararanzwemwo ubwicanyi bwahitanye amajana y'abasiviles.