"Igihe co kuguma ku butegetsi wifashishije ibigwanisho cararenganye"

Uwufise ububasha kw’isanamu RADIO OKAPI
Image caption Musenyeri Mosengwo yasavye abakristu kwirinda ubwicanyi no guharanira amahoro

Kardinali Mosengwo yasavye abakongomani b'abakristu kwirinda ubwicanyi no kwama baharanira amahoro.

Mu butumwa yise "igihe gikwiye, Imana yarungitse umwana wayo avutse ku mugore", asaba abakristu kwubaha abenegihugu, abanyepolitike guharanira amahoro.

"Ugufata ubutegetsi ukoresheje ibigwanisho ntibisigura ko udashobora kubuvako hakoreshejwe ibigwanisho. Uwubaha ibwirizwa shingiro ntiyotegwa amakenga n'ubutungane. Abo amateka yabo yahonyanzwe bumva bokingirwa n'ibwirizwa shingiro", niko umwungere mukuru yavuze.

Ku bw'uwo muntu w'Imana, amahoro ya Noweli ashira iruhande ubwicanyi ubwaribwo bwose, agakomeza ubutungane, urukundo, ukuri mu gihe bibuze bikwega ishavu, indyane, imyiyerekano bituma abanyagihugu bacanamwo.

Ku bwiwe abakora ubwicanyi bazovyishura imbere y'umukama co kimwe n'umubabaro batera abandi mu guhumiriza ku bukene babashiramwo.

"Igihe co gufata ubutegetsi hakoreshejwe ibigwanisho cararenganye; igihe co kuguma ku butegetsi hakoreshejwe ibigwanisho vyica abanyagihugu canke bikica urwaruka rusaba kubaho mu gateka kabo cararenganye", niko Kardinali Mosengwo yavuze.