Uganda: abantu 30 bari mu bwato batwawe mu kiyaga Albert

Ikarata y'Ubuganda
Image caption Ikarata y'Ubuganda

Ubwo bwato bwari bwuzuye no ku bunwa bwari butwaye abantu 45. Igipolisi kivuga ko bwibiye mu mazi bitewe nuko abantu benshi bagiye ku ruhande rumwe.

Ibiziga icenda vyatowe, abantu 15 barashobora kurokogwa, niko amakuru avuga.

Amasanganya y'amato arakunda kuba ku kiyaga Albert no mu bindi bice vya Afrika.

Amato akunze gutwara abantu barenze n'ibintu vyinshi.

Uwurongoye igipolisi John Rutagira yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko benshi muri abo bantu basa n'abasomye bararenza urugero igihe binjira muri ubwo bwato.

Uwo murwi wari uvuye mu ntara ya Busia ugiye mu rukino rwa Noweli ahitwa Buliisa, abawugize bakaba bagenda baririmba bavuza itarumbeti hamwe n'ifirimbi.

Abarovyi bafashije ubutegetsi mu bikorwa vyo gutabara.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe, abantu cumi baratwawe mu kiyaga Albert ku nkengera yo mu buseruko bw'igihugu.