Igihuhusi ca Nock-Ten kigeramiye igisagara ca Manille

Abajejwe gutabara i Manille baragavye Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abajejwe gutabara i Manille baragavye

Igihuhusi gikomeye Nock-Ten kirabandanya muri Philippine, mu gihe kiriko kiragana mu karere karimwo abantu benshi mu gisagara ca Manille.

Abajejwe gukinga impanuka baragavye, mu gihe ico gihuhusi citezwe muri ico gisagara ku musi wa mbere.

Ico gihuhusi caragabanije umuvuduko kigeze ku nkengera ya Philippine ku musi w’Imana, ariko kiracafise ubunyarutsi bw’ibirometero 140 kw’isaha, nk’uko bivugwa n’abahinga muvyo imvura.

Bivugwa ko abantu batatu babuze ubuzima mu ntara ya Albay, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Manilla.

Ico gihuhusi caciye amatara conger gisitura n’ibiti.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ahantu henshi mu bumanuko bw'igisagara ca Manille hari musi y'amazi

Abajejwe ibikorwa vyo gutabara mu gisagara ca Manille baragabisha ko mur uwo mugwa mukuru “haza kugwa imura nyinshi cane, habe umwuzure hamwe n’umuyaga ukomeye”.

“Abajejwe gutabara baragavye,” nk’uko vyavuzwe na Mina Marasign, umuvugizi w’akanama kajejwe gukurikirana ibintu bishobora kwaduka.

“Twateguye ibikenewe mu butabazi, turazana n’ibikoresho vyo gukubura ibaraba muri Metro za Manille,” ni ko yongeyeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Intsinga zitwara umuyagankuba zacitse mu ntara ya Camarines Sur

Abacungera inkengera z’ibiyaga mu bumanuko bwa Manille basavye abantu bose kuhava.

Ishirahamwe rifasha abari mu kaga, Save the Children ryabwiye BBC ko abantu boba bashika umuliyoni bashobora gukenera aho baba vyihutirwa mu masaha 24 ari imbere.