RDC: Abarenga 20 barishwe muri Beni

Ubwicanyi bwa Beni buregwa ADF-NALU Uwufise ububasha kw’isanamu Ronald Grant
Image caption Akarere ka Beni kamaze imyaka 2 kizizizwe n' ubwicanyi

Ubwicanyi bwaraye buhitanye abantu barenga 20 mu ntara ya Kivu ya ruguru muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo buregwa umugwi ADF-NALU ukomoka muri Uganda.

Hari amakuru avuga ko n'iyindi migwi, irimwo bamwe mu basirikare ba Congo, yoba yaragize uruhara muri ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ka Beni.

Igitigiri c'abo ubwo bwicanyi bwahitanye gishobora kwiyongera na buryo hari ibiziga bikekwa ko vyoba vyaratawe mw'ishamba rihegereye.

Haraheze imyaka ibiri akarere ka Beni kavugwamwo ubwicanyi bumaze guhitana annyagihugu baharugwa mu majana.