Sudani: 16 mu bari bafashwe barekuwe

Abagiye mu mwiyerekano biyamiriza iduzwa ry' ibiciro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida Omar al Bashir yari yagabishije abaja mw' ibarabara

Abayoboke b'imigambwe itavugar umwe na leta ya Sudani bari batawe mu mvuto mukwezi guheze bazira ko bari bahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza iduzwa ry'ibiciro.

Umugambwe Sudanese Congress Party, umenyesha ko abandi banywanyi bawo, barimwo umukuru wawo n'icegera ciwe, bakiri mu mvuto.

Habaye imyiyerekano no kuguma mu ngo mu ntumbero yo kwerekana ko abantu batanezerejwe n'ingingo yo kugabanya intererano ya leta yari igenewe kuzibira icuho cozanwa no kuduga kw'ibiciro vy'ibitoro ku masoko mpuzamakungu.

Iyo ngingo yatumye ibiciro vy'ivya nkenegwa ku masoko ya Suda ni navyo biduga.