Vyifashe bite muri Premier League?

Toure Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Yaya Toure' amaze kwinjiza 10 muri penalty ziwe muri Premier League

Manchester City iri inyuma ya Chelsea amanota indwi yose, iho uyo mugwi Chelsea nawo umaze kwikwiranya incuro 12 itaratsindwa na rimwe muri iyi sekeza rya Premier League.

Chelsea uyu munsi ikaba yihanije Bournemouth mukuyitsinda 3 ku busa.

Penaliti ya Yaya Toure' niyo yahaye umwitwangigwa Manchester City, imbere yo kwiyongera igitego ca kabiri cinjijwe na Kelechi Iheanacho, cuhiriwe mu masegonda ya nyuma na Curtis Davies yasunikiye umupira mw' izamu iwabo.