Uburusiya: Agasandugu k'indege Tu-154 kabonetse

Abantu baguma bazana amashurwe imbere y'inzu umugwi wa Alexandrov wakoreramwo i Moscou Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu baguma bazana amashurwe imbere y'inzu umugwi wa Alexandrov wakoreramwo i Moscou

Habonetse ahari agasandugu kabika amabanga y’indege k’iya gisirikare y’Uburusiya yagize isanganya mu kiyaga cirabura ku musi w’Imana, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi b’Uburusiya.

Kabaye agasandugu ka mbere kabonetse k’indege ya Tu-154, yahitanye abantu 92 bose bari bayirimwo.

Iyo ndege yakorotse igihaguruka ku kibuga c’indege hagufi y’igisagara ca Sochi.

Yari itwaye abaririmvyi bari bagiye kuremesha igiteramo c’abasirikare b’abarusiya bari muri Syria, hamwe n’abamenyeshamakuru n’abasirikare.

Iyo ndege bayibuze ku vyuma bikurikirana indege inyuma y’iminota ibiri gusa ihagurutse ku kibuga c’indege ca Adler kiri I Sochi, isaha 05:25 (02:25 GMT) ku musi w’Imana, igana I Latakia muri Syria, nk’uko vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bwp kwivuna abansi.

Iyo ndege yari ivuye I Mosco, ihagarara I Sochi kugira inywe igitoro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Yari itwaye abacuraranzi b’umugwi uzwi cane wa gisirikare Alexandrov, hamwe n’umuntu ari rurangiranwa mu Burusiya mu gikorwa co gutanga imfashanyo, Yelizaveta Glinka, azwi kw’izina rya Dr Liza, yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rya Fair Aid Charity.

Vyari bitegekanijwe ko umugwi wa Alexandrov uzogira igiteramo ku mwaka mushasha mw’ikambi y’ingabo zi gwanira mu kirere ya Hmeimim hagufi ya Latakia.

Uburusiya buragira ibitero vy’indege mu gufasha ingabo za reta ya Syria ziriko ziragwanya abagwanyi baterekwa prezida wa Syria Bashar al-Assad.