Shinzo Abe yashitse muri Hawaii

Umushikiranganji wa mbere w'ubuyapani Shinzo Abe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'ubuyapani Shinzo Abe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani yashitse i Hawaii inyuma y'imyaka 75 igihugu ciwe giteye ikivuko ca Pearl, ivyatumye Amerika ija mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Imbere y'uko ava mu Buyapani, umushikirangani wa mbere Abe yarungitse ubutumwa avuga ko Ubuapani butazosubira gukora amabi yo mu ntambara yakozwe kera.

Vyitezwe ko aza kuja mu birori vyo kwibuka ivyahabereye ari kumwe na prezida Barack Obama wa Amerika aho aza kunamira abasirikare bagwanira mu mazi ibihumbi bibiri biciwe muri ico gitero co mu 1941.

Ariko ntivyitezwe ko umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani asaba imbabazi, ariko araza kuvuga akababaro kiwe gatewe n'ivyo bitero nk'uko prezida Obama yabigize mu kwezi kwa gatanu aho yaja mu gisagara ca Hiroshima, aho Amerika yateye ico gisagara ikoresheje ikibombe ca mbere c'ubumara mu 1945.