Abapolisi 29 muri sentare bagirizwa coup d'etat muri Turkia

Abasirikare bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Turkia
Image caption Abasirikare bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Turkia

Abapolisi 29 bitavye sentare mu gisagara ca Instabul muri Turkia , bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kw'indwi.

Urwo rubanza ni rwo rwa mbere rukomeye rubaye, mu gihe hateguwe ibirego birenga 1000, no mu gihe abandi 40 bagipfunzwe, vyitezwe ko ari rwo rubanza rukomeye ruzoba rubaye muri kahise ka Turkia.

Image caption Prezida wa Turkia Reccep Tayip Erdogan ahagaze hagati

Abo bapolisi bagirizwa gushaka gutembagaza reta no gukorana n'umugwi urongowe n'umunye dini aba muri Amerika , Fethullah Gulen, ubutegetsi bwagiriza gutegura ico gikorwa kibi.