Pakistani: Abantu 21 bishwe n'inzoga y'ubumara

Umuryango ugandariye umwe mu bapfuye inyuma y'inzoga banyoye kuri Noweli Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuryango ugandariye umwe mu bapfuye inyuma y'inzoga banyoye kuri Noweli

Umupolisi w'aho iryo bara ryabereye avuga ko umurwi w'abantu bo mu gisagara ca Toba Tek Singh (ku birometero birenga 330 mu bumanuko bw'umugwa mukuru Islamabad) bakoze inzoga itemewe n'amategeko bongera barayinywa.

Muhammad Nadeem avuga ko abantu 19 mu bapfuye ari abakristu babiri nabo aba Islamu.

Hari amakuru avuga ko mu banyoye iyo nzoga abandi abarenga 100 boba bari mu bitaro muri kino gihe.

Muri Pakistani ntibirekuwe kugurisha no kunywa inzoga ku banyagihugu bo mw'idini rya Islamu, bikaba birekuwe ariko bigenzugwa ku banyagihugu b'inkehwa b'ayandi madini no ku banyamahanga.