Shinzo Abe ku kivuko ca Pearl

Abategetsi b'Ubuyapani na Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abategetsi b'Ubuyapani na Amerika

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe yahojeje imiryango yaburiye abantu mu gitero cakozwe n'igihugu ciwe ku kivuko ca Pearl mu myaka mirongo indwi n'itanu iheze.

Mw'ijambo yashikiririje mu birori vyateguriwe mw'ikambi ya gisirikare y'abagwanira mu mazi muri Amerika ari kumwe na mugenzi we prezida Barack Obama, Abe yemeye ko ata co yumva yovuga kubera uburemere bw'urwo rugendo mu kwibuka abitavye Imana bazize ico gitero.

Yashimiye Amerika kuba yarihanganye yongerako ko ata ntambara nkiyo izosubira kuba.

Prezida Obama na we ku ruhande rwiwe, yavuze ko urugendo rw'uwo mushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani rutazibagiranwa, ngo bikaba vyibutsa ko n'ububabare bukomeye buba bwatewe n'intambara bushobora kuvyara ubucuti n'amahoro vyamaho.

Yavuze ko inyuma y'intambara, imigenderanire y'ivyo bihugu yabaye myiza cane co kimwe n'iyo ibihugu biherereye mu karere ka Asia ya Pacifike.

Mu mezi indwi aheze, abo bategetsi babiri baragendeye igisagara co mu Buyapani ca Hiroshima, aho Amerika yagize igitero ca bombe y'ubumara.