Amerika irarahira ikarengwa ko idafasha IS

Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Abagwanyi bo muri Syria bari kumwe n'abasirikare ba Turkia bagerageza gufata igisagara ca A-bab kiri mu minwe ya IS

Amerika ivuga ko ivyo prezida wa Turkia, Recep Tayyip Erdogan avuga ko ifasha IS ari ikinyoma cambaye ubusa.

Umuvugizi wa Amerika Mark Toner yavuze ko ivyo yavuze bidafise aho bifatiye.

Umutegetsi w'Umurusiya avuga ko bafise ivyemeza bikwiye ko Amerika yahaye imfashanyo imigwi y'abagwanyi b'aba Kurde ya YPG na PYD.

Abasirikare ba Turkia bari mu ntambara yo gutuza umuhari wa IS mu buraruko bwa Syria.

"Baguma batwagiriza ko dufasha Daesh," ni ko Erdogan yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru mu gisagara ca Ankara, aho yakoresheje iryo zina mu kibanza ca IS.

"Ubu bafasha imigwi y'iterabwoba harimwo Daesh, YPG na PYD. Biragaragara, turafise ivyemeza bikwiye harimwo amafoto eka mbere na Video."

Abasirikare ba Turkia bariciwe mu bikorwa vya gisirikare vyatanguye mu kwezi kw'umunani vyo kwirukana abagwanyi ba IS hamwe n'imigwi y'abagwanyi b'aba Kurde mu karere kegereye igisagara ca Al-Bab kiri ku birometero 20 uvuye ku rubibe rwa Turkia.

Amerika ifashanya n'imigwi y'aba Kurde mu gihugu ca Syria ariko Turkia ivuga ko bafitaniye imigenderanire kandi n'umugambwe w'abakozi b'aba Kurde (PKK), wamye kuva kera ushaka gutembagaza ubutegetsi muri Turkia.