Jammeh 'ategerezwa kuva ku butegetsi nk'abakoloni'

Adama Barrow (I bubamfu) na Yahya Jammeh (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/AFP
Image caption Adama Barrow, i bubamfu, yatsinze mu matora y'umukuru w'igihugu, Yahya Jammeh, i buryo, amurushije amajwi make cane

Prezida wa Gambia Yahya Jammeh asabwa n'uwo batavuga rumwe gutanga ubutegetsi mu mahoro nk'uko n'abahoze abahoze bakoloniza ico gihugu babigize mu 1965.

Barrow yahora yubakisha amazu, yavuze ko atipfuza gutwara igihugu ubwaco kidafise amahoro.

Mu ntango, Jammeh yaremeye koyatsinzwe mu matora yari yabaye itariki imwe mu kwa cumi na kabiri, ariko mu nyuma aca yitura sentare ngo iyafute.

Kuva igihugu ca Gambia kironse intahe yo kwikukira, ntiharigera haba ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro.

Jammeh arongoye ico gihugu co mu burengero bwa Afrika kuva atembagaje ubutegetsi bwari buhari mu 1994.

Ni igihugu gikunzwe n'ingenzi kubera inkengera zaco ku biyaga.

Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, ECOWAS, ryaragabishije ko rizorungika abasirikare bo gukura prezida Yahya Jammeh ku butegetsi ku nguvu, mu gihe yokwanka kubuvako ikiringo ciwe kirangiye itariki 19 z'ukwezi kwa mbere.

Jammeh avuga ko amatora yaranzwe n'utunenge aca asaba ko asubirwamwo.

'Akarorero keza ku bana bacu'

Akanama gashinzwe gutegura amatora kariyamirije ivyo avuga, Barrow na we avuga ko azotangaza ko ari we abaye prezida itariki 19 z'ukwezi kwa mbere.

Mu butumwa bwashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi, yasavye ashimitse " abantu bose bakunda amahoro muri Gambia, kuvuga, gusenga no gukora kugira habe ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro ubwa mbere muri kahise k'ico gihugu kuva kironse intahe yo kwikukira".

"Nimba abakoloni barashoboye gutanga ubutegetsi mu mahoro nk'uko vyasabwa n'abanye Gambia, twebwe twategerezwa gutanga akarorero keza ku bana bacu," n'uko yongeyeko avuga.

Onu na ECOWAS basavye bashimitse Jammeh ngo yubahirize ishaka ry'abanyagihugu, azove ku butegetsi ikiringo ciwe kirangiye.

Mu ndwi iheze, umutegetsi wo hejuru wa ECOWAS yavuze ko igihugu kibanyi ca Senegal citeguye gukura prezida Jammeh ku butegetsi hakoreshejwe inguvu mu gihe yokwanka kubuvako.

Jammeh yavuze ko adaterwa ubwoba, kandi ko ECOWAS ata burenganzira ifise yo kwisuka ibiraba igihugu ca Gamabia.

Mu myaka 22 amaze ku butegetsi, Jammeh yamenyekanye cane nk'umuntu atwaza umukazo acinyiza abo batavuga rumwe muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.


Ibiharuro vya nyuma vy'akanama kajejwe gutegura amatora:

  • Barrow yaronse amajwi 222,708 (43.3%)
  • Prezida Jammeh aronka 208,487 (39.6%)
  • Uwundi mukandida agira gatatu Mama Kandeh, aronka 89,768 (17.1%)

Ibiharuro vyavuye mu matora vyarasubiwemwo n'akanama kajejwe kuyategura itariki 5 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, aho vyagaragara ko amajwi yo mu karere kamwe atateranijwe neza.