Ubuhindi: Ubutegetsi bushobora kuvavanura n'umurwi wa Olympique

Umurwi w'igihugu wa Olympique "The Indian Olympic Association" uvuga ko ubutegetsi budakora ibikwiye mu gushigikira abanonotsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umurwi w'igihugu wa Olympique "The Indian Olympic Association" uvuga ko ubutegetsi budakora ibikwiye mu gushigikira abanonotsi

Umushikiranganji w'inkino yavuze ko iyo ngingo "idashobora kwemerwa na gato".

Vijay Goel yavuze ko abo banyepolitike, Suresh Kalmadi na Abhay Singh Chauthala, bagirizwa ivyaha bikomeye birimwo n'ivy'ibiturire.

Umwe muribo Suresh Kalmadi, yigeze gufungwa amezi cumi kubera ibiturire inyuma y'inkino za Commonwealth zo mu 2010, yavuze ko atazokwemera ayo mabanga kiretse yejejwe.

Ikigo mpuzamakungu kigenzura inkino za Olympique "The International Olympic Committee" carahagaritse mu mwaka wa 2012 umurwi w'igihugu wa Olympique uwagiriza kwinjirigwa mu kazi n'ubutegetsi.