Igipolisi c'Ubuhindi cafashe abacuruza inzoka z'ubumara

Izo nzoka zari masandugu akozwe mu giti no mu mifuko yari ibitswe mu igorofa Uwufise ububasha kw’isanamu PRATIBHA WALUNJ
Image caption Izo nzoka zari masandugu akozwe mu giti no mu mifuko yari ibitswe mu igorofa

Abo bapolisi basanzemwo inzoka 70 zirimwo izo mu bwoko bwa "vipères na cobras", hamwe n'ubumara bwa 30ml, mu nzu umwe mu bafashwe yabamwo i Pune.

Izo nzoka zari mu masandugu akozwe mu giti no mu mifuko, zahawe abakozi bo mu kigo kijejwe gukingira ibikoko vyo mu ishamba.

Kugurisha inzoka z'ubumara birimwo amahera menshi mu bice bimwe bimwe vy'igihugu c'Ubuhindi, aho amategeko abuza gutunga ibikoko vyo mw'ishamba bisanzwe bikingiwe.

Hari amakuru avuga ko hari ibigo bikora imiti bigura izo nzoka z'ubumara ku buryo bwa magendo ngo bikore imiti igwanya isumu.

Umukuru w'igipolisi Santosh Giri Gosavi yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru "Hindustan Times" ko bagiye gusaka muri iyo nzu bamaze kuronka amakuru yo kwizera.

Yavuze ko abafashwe baguze izo nzoka ku bantu bazifata.

"Bashaka kuzikuramwo ubumara bari guca bagurisha", niko yavuze.