Kerry aragabisha Israeli ku kibazo c'amahoro na Palestine

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption John Kerry yavuze ko Israel ata mugenzi mukuru ifise nka Amerika, yongera ati: "Abagenzi babwirizwa kuvugana n'ukuri gukomeye"

John Kerry yavuze ashimitse ko ingingo ya Onu yo kwiyamiriza igerera ry'abayahudi mu kibanza bigaruriye ko biri mu bikomeza agateka ka Amerika.

Hari haheze igihe Prezida aheruka gutorwa Donald Trump ashize ubutumwa bwo gushigikira Israeli kuri Twitter avuga ko atazokwemera ko bikogwa "mu mu gasuzuguro no mu rupfasoni ruke".

Yasavye Israeli "kwigumya" kugeza ni yinjira mu mabanga mu kwezi kuza.

Ku musi wa gatanu, Amerika ntiyashatse kuburagiza ingingo y'akanama ka Onu kajejwe umutekano gasaba Israeli guhagarika ibikorwa vy'ukugerera n'ukwubaka irimwo, bituma Israeli yishura nabi.

Ikibazo c'abayahudi baguma barondera kugerera mu karere kari mu matati, kiri mu vyo Israeli na Palestine batumvikanako, gishobora kubangamira amahoro n'ishingwa ry'igihugu ca Palestine.