Zambia: Lungu asaba ingabo gufasha kugwanya ikiza c'inzoka

Igisirikare c'inzoka gishobora kuzimanganya umurima wose
Image caption Igisirikare c'inzoka gishobora kuzimanganya umurima wose

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Amos Chanda yavuze ko indege z'igisoda zitwara umuti mu turere tubangamiwe cane zikawumija vyihuta ku bitegwa.

Utwo dukoko twitwa igisirikare c'inzoka (army worms) kubera ko twica icitwa igitegwa cose aho duciye ku buryo dushobora kuzimanganya n'imirima.

Utwo dukoko ngo turamaze kwonona ibitegwa mu ntara zitandatu kuri cumi zigize ico gihugu co muri Afrika y'ubumanuko.

"Umukuru w'igihugu aratewe amakenga ko niba izo nzoka zateye zidakurikiranywe ningoga, umwimbu wo 2016/2017 ushobora gutandukigwa,"Chanda niko yavuze mu itangazo.

Haraheze imyaka ine, ico gisirikare c'inzoka cishe imirima y'ibigori, iy'imyumbati, iy'amasaka be n'iy'umuceri.

Ibigori niyo ndya ya mbere mu bifungugwa vya Zambia.

Umwimbu wavyo waduze kugera ku toni miliyoni 2.87 mu 2015/2016 uvuye ku miliyoni 2.6 umwaka wahera kubera imvura ikwiye no gutanga hakiri kare ifumbire n'imbuto ku barimyi, kubw'amakuru y' itororokanirizo ry'amakuru Reuters.