CAN 2017: umukinyi Wilfried Zaha yagenywe gukinira Côte d'Ivoire

Zaha amaze gukinira umurwi Crystal Palace incuro 19 mu ihiganwa ry'uno mwaka, yinjiza ibitsindo bitatu
Image caption Zaha amaze gukinira umurwi Crystal Palace incuro 19 mu ihiganwa ry'uno mwaka, yinjiza ibitsindo bitatu

Iyinjizwa rya Zaha mu murwi w'igihugu ryakurikiye ingingo yaheruka gufata yo kwinjira mu mahiganwa mpuzamakungu avuye mu Bwongereza aho yakuriye.

Uwo muhungu w'imyaka 24 yavukiye muri Côte d'Ivoire afise ibikombe bibiri vyo mu Bwongereza, akaba yari mu rukino rwabahuza na Suede mu kwezi kwa cumi na rimwe 2012 hamwe na Ecosse mu mwaka wakurikira.

Mu gihe iyo yose yari imikino ya kivandimwe, ararekuriwe gutandukira inkino mpuzamakungu agakinira igihugu c'amavuko.

Iryo higanwa ryo muri Gabon rizotangura itariki 14 z'ukwezi kwa mbere, rishobora gutuma Zaha adakinira Palace indwi zitandatu.

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United Eric Bailly nawe nyene yahamagawe n'umumenyereza w'umufaransa Michel Dussuyer, ngo aje muri uwo murwi w'abakinyi 24, co kimwe na Salomon Kalou azoba akinye muri iryo higanwa incuro ya gatanu.

Hagataho umukinyi wa kera w'imbere wa Arsenal Gervinho - akinira Hebei Fortune mu Bushinwa - ntazokina kubera imvune.

"Ibura rya Gervinho riraturemereye ariko twararonse indwi nyinshi zatumye tubimenyera," niko Dussuyer yavuze.

"Umuzo wa Zaha ni amakuru meza. Akina nka Gervinho."

The defending champions have a training camp in Abu Dhabi starting on 2 January.