Uburusiya buzihora Amerika ku bakozi babwo birukanywe

Abaserukira Uburusiya benshi muri Amerika bahawe ikiringo co gushika ku kwa Mungu ngo babe bakuye meza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaserukira Uburusiya benshi muri Amerika bahawe ikiringo co gushika ku kwa Mungu ngo babe bakuye meza

Uburusiya bwiyemeje gusubiriza mu nkoko Amerika inyuma y’iyirukanwa ry’abakozi babwo bo mu biro biserukira ico gihugu muri Amerika kubera uruhara bwagirizwa mu matora ya Amerika.

Umuvugizi wa prezida Vladimir Putin yavuze ko inyishu y’Uburusiya ishobora kubangamira cane Amerika.

Ariko yamenyesheje ko Uburusiya bushobora kurindira Donald Trump, yamiriye kure ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika, agashikira ubutegetsi.

Uburusiya bwararahiye bwivuye inyuma ko ata bintu nk’ivyo bwakoze, bukavuga ko ibihano vya Amerika ata ho bifatiye.

Ku musi wa kane , ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwasavye abakozi bo mu biro biserukira Uburusiya muri Amerika 35 gukura meza mu maguru masha, bahabwa amasaha 72 kugira babe bavuye muri Amerika n’imiryango yabo.

Hari kandi ibihano vyamenyeshejweku bigo icenda, harimwo ibigo bijejwe iperereza mu Burusiya vya GRU na FSB.

Amerika kandi izugara ibigo bibiri I New York na Maryland vyahora bikoreramwo n’inzego z’iperereza z’Uburusiya.

Prezida Obama yari yamenyesheje ko Uburusiya buzofatirwa ingingo kubera ibikorwa vyabwo vyo kwiba inkuru zo kuri internet z’umugambwe w’abademokrate no mukwivanga mu myiyamamazo ha Hillary Clinton.