'Haratanzwe imiliyoni 250 z'amapawundi kuri Ronaldo ngo aje mu Bushinwa'

Christiano Ronaldo ari kumwe n'umumenyereza wiwe Zinedine Zidane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Christiano Ronaldo ari kumwe n'umumenyereza wiwe Zinedine Zidane

Real Madrid yarahawe imiliyoni z'amapawundi 250 n'umugwi wo mu Bushinwa utavuzwe izina ku mukinyi Christiano Ronaldo , nk'uko bivugwa n'uwujejwe ibikorwa vyiwe Jorge Mendes.

Yavuze ko uwo kizigenza w'umugwi wa Portugal w'imyaka 31 ata nyungu yabonye muri ayo masezerano, aho mbere yari kuza arahembwa imiliyoni 85 z'amapawundi ku mwaka.

Ronaldo yavuze ko ashobora gukina iyindi myaka 10 mu kwezi kwa cumi na rimwe inyuma yo gushira umukono ku masezerano mashasha na Real Madrid gushika mu kwezi kwa gatandatu 2021.

"Isoko ry'Ubushinwa ni rishasha. Bashobora kugura abakinyi benshi, ariko ntibishoboka ko Ronaldo ajayo," ni ko Mendez yavuze.

"Christiano Ronaldo ni umukinyi wa mbere kwisi atari bwigere aboneka. Ni ibisanzwe kuronka abamurondera," ni ko uwo munye Portugal yavuze.

Nk'uko bivugwa na Mendes, Ronaldo yari kuza arahembwa imiliyoni 1.6 y'amapawundi ku ndwi mu masezerano yari kuba abaye aya mbere kw'isi y'imiliyoni 89 z'amapawundi nk'ayaguzwe Paul Bogba ava muri Juventus aja muri Manchester United.

Mendes yabwiye ikinyamakuru ca Sky Italia: "Ubushinwa bwari bwemeye guha imiliyoni z'amapawundi 257 Real Madrid n'ayandi arenga imiliyoni ijana z'ama euro kuri uwo mukinyi.

"Ariko amahera ntasubirira ibintu vyose. Umugwi wa Espagne (Real Madrid), ni bwo busima bwiwe."

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho umugwi wa Shangai Shenhua wemereje ku musi wa kane ko wagiriraniye amasezerano n'uwahoze akinira umugwi wa Manchester United , Carlos Tevez, avuye muri Boca Juniors.

Shangai, umenyerezwa na Gus Poyet, yahoze amenyereza umugwi wa Brighton, bivugwa ko bumvikanye na Tevez amahera agera ku miliyoni 40 z'amapawundi harimwo n'umushahara w'amapawundi 310.000 buri ndwi.