Cristiano Ronaldo: Umurwi wo mu Bushinwa wemeye guha Real Madrid £250m

Cristiano Ronaldo wa Real Madrid ari kumwe n'umumenyereza Zinedine Zidane
Image caption Cristiano Ronaldo wa Real Madrid ari kumwe n'umumenyereza Zinedine Zidane

Uwumuserukira mu masezerano y'akazi Jorge Mendes yavuze ko uwo mukinyi mukuru w'umurwi w'igihugu ca Portugal ntiyakunze ivyo yasabwa mu gihe yohembwe £85m ku mwaka.

Ronaldo yavuze ko ashobora gukina iyindi myaka 10 mu gihe yaheruka gutera igikumu ku masezerano yo gukinira Madrid gushika mu 2021.

"Ubushinwa ni isoko nshasha. Bashobora kugura abakinyi benshi, ariko biragoye kwibaza ko bogura Ronaldo," niko Mendes yavuze.

"Cristiano ni umukinyi wa mbere ku isi kandi asghobora kuguma ari uwa mbere. Birumvikana ngo abantu bamwirukire,"niko uwo mugabo wo muri Portugal yabandanije avuga.

Muri iyo diri Mendes avuga, Ronaldo yoronse £1.6m ku ndwi.

Mendes yabwiye Sky Italia: "Mu Bushinwa batanze 300m euros (£257m) kuri Real Madrid n'ayarenga 100m euros ku mwaka y'umukinyi.

"Ariko amahera si vyose. Umurwi Real wo muri Espagne ni bwo buzima bwiwe."