Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira Amerika 35

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu yipfuza kwirukana abakozi bo mu buserukizi bwa Amerika mu Burusiya Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu yipfuza kwirukana abakozi bo mu buserukizi bwa Amerika mu Burusiya

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Sergei Lavrov yavuze ko yarungikiye ico cipfuzo Prezida Vladimir Putin.

Reta ya Obama yirukanye abakozi 35 bo mu buserukizi bw'Uburusiya hamwe n'imiryango yabo bitewe n'ivyo Uburusiya buregwa vyo kwabura Amerika igihe co kwiyamamariza amatora.

Uburusiya bwarahakanye ivyo birego buvuga ko ingingo Amerika yafashe idafise ishingiro.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya Dmitry Medvedev yagirije reta ya Prezida Barack Obama iriko irarangiza ikiringo cayo ko igiye guheza ishaka gusiga ihitanye Uburusiya.

Abarusiya 35 bo mu biro vy'ubuserukizi biri i Washington na San Francisco biswe "persona non grata" (abantu batarekuriwe kuba muri Amerika) bahabwa amasaha 72 ngo babe bakuye ikirenge ku butaka bwa Amerika hamwe n'imiryango yabo.

Inzu zibiri zivugwa ko zakoreshejwe n'iperereza ry'Uburusiya i New York na Maryland zigiye kwugagwa.