Putin yanse kwirukana abakozi baserukira Amerika

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu yasavye ko abakozi bo mu buserukizi bwa Amerika birukanwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu yasavye ko abakozi bo mu buserukizi bwa Amerika birukanwa

Putin yavuze ko Uburusiya budakwiye kwitesha agaciro mu kwihora ku vyakozwe n'abantu badakora neza akazi kabo "irresponsible diplomacy" ko bugiye kunagura imigenderanire yabwo na Amerika kuri Prezida yatowe Donald Trump.

Umushikiranganji w'Uburusiya n'amakungu yari yamusavye kwirukana abantu 35 mu baserukira Amerika mu gihugu c'Uburusiya mu ntumbero yo kwihora.

Uburusiya burahakana ko butigeze buja muri ivyo bikorwa vyo kwabura ahubwo bukavuga ko ibihano Amerika ifata bidafise ishingiro.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya Dmitry Medvedev we yagiriza reta iriko iraheza ikiringo ya Prezida Barack Obama ko yipfuza guheza ihitanye Uburusiya.