Mali yasubije inyuma abimukira birukanywe n'Ubufaransa

Indege ya Air France, nkino, niyo yabasubije mu Bufaransa bamaze umwanya bashitse Bamako Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indege ya Air France, nkino, niyo yabasubije mu Bufaransa bamaze umwanya bashitse Bamako

Abo bantu babiri bari bururukirijwe i Bamako bakoresha murekarengane (laissez-passer) za Buraya. Nta bitabo vy'inzira nka "passeports" canke ibindi vya ngombwa bitangwa na Mali bari bafise, nkuko ubutegetsi bwabimenyesheje.

Reta yavuze ko idashobora kwemera abantu "bavuze gusa ko ari abanye Mali".

Amakuru amaze imisi avugwa ko hoba hari amasezerano na Buraya yo gutahukana abanye Mali bataronse inkaratasi z'ubuhungiro yaratumye abantu benshi bagumuka.

Mu itangazo, reta ya Mali ivuga ko itemera murekarengane "laissez-passez" Uburaya butanga iyo bwirukanye umuntu, ngo izo mpapuro z'ingenzi ntizikurikiza amasezerano mpuzamakungu.

Iyo reta yarihanikije n'amashirahamwe yunguruza abantu n'indege kutakira izo nkaratasi ku bantu baje muri Mali.

Hari imiryango myinshi y'abantu baturuka muri Mali mu gihugu c'Ubufaransa cahora gikoronije ico gihugu, abo bantu bagafasha imiryango yabo yasigaye mu kuyirungikira amahera.

Abantu barenga 360 000 barinjiye i Buraya bajabutse ikiyaga Mediterranée uno mwaka. Benshi baca muri Mali ariko naho biri uko, igihugu ca Mali ntikiri mu bihugu cumi vya mbere, abanyagihugu bavyo bafata urwo rugendo.