Ubuhindi: Ishuli ry'abifata ugutandukanye n'igitsina cabo

Uwugwanira agateka k'ababonana basangiye ibitsina Kalki Subrahmaniam yuguruye iryo shuli rizotangura n'abanyeshuli cumi Uwufise ububasha kw’isanamu BBC CONTRIBUTOR
Image caption Uwugwanira agateka k'ababonana basangiye ibitsina Kalki Subrahmaniam yuguruye iryo shuli rizotangura n'abanyeshuli cumi

Abantu bo muri uwo murwi barakunze gukumirwa mu gihugu c'Ubuhindi, igice cabo ntibaheze amashuli.

Ishuli "Sahaj Alternative Learning Centre" ribaye irya mbere mweniryo mu gihugu c'Ubuhindi.

Rigiye kwakira abanyeshuli 10 bafise imyaka 25-50.

Abo banyeshuli bazotegurirwa ikibazo c'Ubuhindi gikora abari mu mwaka wa 10 na 12 mu bisanzwe cakora abana bafise 15-16 canke 17-18. Urutonde rw'ivyigwa ruzinjizwamwo ivyigwa vy'imyuga.

Umugore agwanira agateka k'abifata bitandukanye n'igitsina basanganywe Vijayraja Mallika, arongoye iryo shuli, yabwiye BBC: "Iri shuli rifise intego yo gutuma abifata bitandukanye n'igitsina basanganywe bashobora guhiganwa, bakaronka akazi keza bakabaho neza."

"Twakiriye abantu batandatu bose bari mu murwi w'abagabo bigira abagore ku bantu 14 bari basavye. Ku ntebe cumi twategekanije intebe y'umugore yifata nk'umugabo hamwe n'iy'uwugendana ubumuga."

Abarimu bazobigisha nabo nyene bari muri uwo murwi.