Iradio igwanya Prezida Jammeh yugawe

Yahya Jammeh Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yahya Jammeh yagirizwa gutwaza igikenye

Abategetsi bo muri Gambia bategetse iyugarwa y'iradio ikundwa cane inebagura prezida Yahya Jammeh.

Abatwara iperereza bategetse Teranga FM ko yugarwa ata nsiguro zitanzwe, nk'uko bivugwa na Emil Touray, arongoye urunani rw'abamenyeshamakuru muri Gambia.

Iki ni ikimenyetso ca mbere co gucinyiza ibimenyesdhamakuru kuva Jammeh yiyamirije ivyavuye mu matora yo kw'itariki ya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri.

Jammeh yafashe ubutegetsi ku nguvu mu 1994.

Mu ntango yaremeye ko yatsinzwe na Adama Barrow , ariko mu nyuma aza kwitura sentare yanka ivyavuye mu matora, avuga ko yagiyemwo utunenge twinshi.

Akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko yabaye mu muco kandi ata ho yegamiye.

Ibigo bine bijejwe iperereza n'umupolisi baragiye ahakorera Teranga FM ku musi wa mungu kwugara iyo radio, nk'uko umwe mu bakozi atashatse kumenyekana yabibwiye AFP .

Reta gushika ubu nta co irabivugako.