Umurepublicain akomeye afise ubwoba ku ntwaro ya Trump

"Mfise ubwoba ku muryango wanje n'iyindi miryango yo kw'isi." Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption "Mfise ubwoba ku muryango wanje n'iyindi miryango yo kw'isi."

Umutegetsi akomeye mu mugambwe w’abarepublicain avuga ko afitiye ubwoba kazoza k’abuzukuru biwe indwe ku butegetsi bwa Donald Trump.

Christine Todd Whitman, yari arongoye ikigo kijejwe gukingira ibidukikije (EPA) ku butegetsi bwa George W Bush, yagiriza Trump atitaho ibigaragazwa n’ubushakashatsi.

Yanagabishije ko ugushaka guca iruhande ya politike igenga ibidukikije bishobora kubangamira kazoza k’isi.

Abashigikiye Trump bivugira ko amategeko agenga ibidukikije ahungabanya ubudandaji.

Umupfasoni Todd Whitman yavuze ko Amerika itegerezwa kurondera uburyo bwo guteza imbere ubudandaji bitagize ingaruka mbi kw’isi tubako.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ubutumwa bwa Trump ku bidukikije ntibwanejereje abaharanira kubikingira

Ido n’ido ya polititike ya Trump ku bidukikije ntiragaragara neza, ariko abantu biwe bategekanya kwongereza umwimbu w’amakara, kwugurura imihora mishasha y’igitoro no kurekurira abantu kwimba ubutare canke kwimba igitoro mw’ibahari Arctique.

Muri politike, bavuze ko bashobora kuva mu masezerano agenga ibidukikije kw’isi, bateye akagere umugambi wa prezida Obama w’ubutegetsi nta gatosi, hamwe rero no gukuraho ubushikiranganji bujejwe ibidukikije co kimwe n’ikigo EPA ubwaco.