IS yiyitiriye igitero cahitanye abantu 39 muri Turkia

Igipolisi kiracarondera uwagize ico gitero mu gihe abantu bakigandaye Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Igipolisi kiracarondera uwagize ico gitero mu gihe abantu bakigandaye

Umuhari wa Islamic State uvuga ko ari wo uri inyuma y'igitero co mu nzu yo kwidagaduriramwo muri Turkia cahitanye abantu 39.

Uwo mugwi uvuga ko ico gitero cakozwe "n'intwari y'umusirikare".

Abantu bba bashika 600 bariko barahimbaza umwaka mushasha kare ku musi w'Imana mu nzu yo kwidagaduriramwo Reina iri Istanbul, aho yatangura kuarasa ata gutoranya.

Izindi nkuru zerekeye ico gitero zivuga ko uwo mwicanyi yarashe amasoro 180 nk'ukobivugwa n'ibimenyeshamakuru.

Hari n’ibigaragaza ko uwakoze ico gitero yashitse muri ico kibanza aje na taxi.

Yaje afise umuzigo bishoboka ko yari iyo nkoho yakoresheje mukurasa.

Agishika muri iyo nzu yo kwidagaduriramwo, yarashe abajejwe umutekano babiri aca arinjira agenda ararasa abantu bari buzuye ngaho baje kwigina umwaka mushasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ahakozwe igitero itariki 13 z'ukwezi kwa gatatu i Ankara, i Kizilay

Aca yikika inyuma y’urwo ruhagarara mu guhindura impuzu yari yambaye aca arayanyaga.

Abantu 25 bapfuye ni abanyamahanga harimwo abayahudi, abarusiya, abafaransa, Tunisia, Liban, Ubuhinde, Ububiligi, Yordania, Canada hamwe Arabia Saudite.

Icatumye IS ikora ico gitero ntikiramenyekana, ariko mu mwaka uheze wagize ibitero nk’ivyo bibiri.

Umugambwe wafuswe w’abakozi w’aba Kurdes, PKK witandukanije n’ico gitero, uvuga ko udashobora kugira igitero ku banyagihugu ata co bazira.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Suleyman Soylu yemeje ko abajejwe umutekano bakirondera uwo mwicanyi.

“Igipolisi catanguye igikorwa co kumurondera. Twizeye ko ashobora gufatwa ubu vuba”, uko ni ko yavuze.

Mu gihe ariko uwishe abo bantu akironderwa, amaziko y’abo yagandaguye yo yatanguye.