Abakozi b'Uburusiya birukanywe na Amerika batahutse

Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na mugenzi we wa Amerika Barack Obama Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na mugenzi we wa Amerika Barack Obama

Ibimenyeshamakuru vyo mu Burusiya bivuga ko abaserukira ico gihugu birukanywe na prezida Obama bavuye muri Amerika n’imiryango yabo.

Uburusiya bwakoresheje indege yabwo mu kubatahukana.

Abo bakozi bahora baserukira igihugu Uburusiya muri Amerika bategetswe kuva muri ico gihugu inyuma y’aho ico gihugu cagirijwe kwivanga mu matora ya Amerika mu kwiba inkuru zo kuri internet.

Abajejwe iperereza muri Amerika bavuga ko ubutegetsi bw’uburusiya ari bwo bwatanze uruhusha rwo kwiba amabanga y’umugambwe w’abademokrate mu gutegeza uruhagarara mu myiyamamazo ya Clinton, mu ntumbero yo gufasha Donald Trump ari we yatorewe kurongora ico gihugu ubu.