Ibiyeri vyaduze ibiciro mu Burundi

Igiciro c'ibinyobwa mu Burundi cadugijwe
Image caption Igiciro c'ibinyobwa mu Burundi cadugijwe

Ishirahamwe rimwe rudende rihingura inzoga mu Burundi BRARUDI ryuguruye umwaka mushasha wa 2017 mu kuduza ibiciro vy’inzoga.

Kiretse Primus nto rya 50cl batazira Baju, izindi zose zongeweko hagati y’amafaranga ijana n’amajana atatu.

Iyarushije izindi n'iyitwa Nyongera.

Mw’itaganzo, Brarudi isigura ko ibiciro vyaduze kuko leta nayo yadugije taxe ku nzoga ihingura mw’itegeko rigenga amafaranga leta izokoresha uyu mwaka.

Nyongera yaduze cane kuko itari isanzwe irihishwa taxe, akarusho yahabwa kubera ihingurwa ijana kw’ijana mu vyimburwa vyo mu Burundi.