Umwiyahuzi yishe abantu bane muri Somaliya

Umwiyahuzi w'ibisazu bya bombe yishe abantu bane muri Somaliya
Image caption Umwiyahuzi w'ibisazu bya bombe yishe abantu bane muri Somaliya

Inkuru ziva I Mogadishu zivuga ko abantu bane bishwe abandi benshi barakomerekera mu gitero c'umwiyahuzi hagufi y'ikibuga c'indege.

Igipolisi kivuga ko uwo mwiyahuzi yari yambaye ibintu biturika ashira na bombe mu modoka yari atwaye, yaturikitrije bombe kw'ibariyeri ku metero zike hagufi y'ikibuga c'indege ku mugwa mukuru Mogadishu muri Somaliya.

Capt Mohamed Hussein yavuze ko abajejwe umutekano bariko barasaka iyo modoka ari na ho yaca iturika ku metero ijana uvuye ku cicero gikuru c'abasirikare ba AMISOM.

Aho yaturikiye kandi ni hagufi y'ihoteli ya Amani.