Syria: Abagwanyi baragabisha kuva mu biganiro vy'amahoro

Ihagarikwa ry'intambara riraba igihugu cose kandi henshi ryarubahirijwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGE
Image caption Ihagarikwa ry'intambara riraba igihugu cose kandi henshi ryarubahirijwe

Imigwi y'abagwanyi ivuga ko ihagaritse igikorwa co gutegura ibiganiro vy'amahoro vyateguwe n'Uburusiya na Turkia gushika mu mpera z'uku kwezi.

Mw'itangazo, abagwanyi basigura ko habaye ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara ku ruhande rwa reta ya Syria iri co catumye bafata iyo ngingo.

Turkia n'Uburusiya barafashe ingingo yo guhagarika intambara yakurikijwe mu turere twinshi kuva ku musi wa kane uheze.

Ibiganiro vyo guhagarika intambara vyari bitegekanijwe gutangura I Astana muri Kazakhstan.

"Reta n'abayishigikiye babandanije barasa, barenga ku masezerano henshi," nk'uko iryo tangazo ryashizweko umukono n'igitigiri kitari gito c'abagwanyi ba Syria ku musi wa mbere ribivuga.

"Mu gihe ivyo bikibandanya, imigwi y'abagwanyi imenyesheje … guhagarika ibikorwa vyose bifitaniye isano n'ibiganiro bitegekanijwe kubera Astana," n'uko bavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption N'akahe kazoza k'umugwi w'abagwanyi b'aba Kurdes ba YPG?

Iryo tangazo rishimikira cane ku ntambara zabereye mu gace kari mu minwe y'abagwanyi ka Wadi Barada hagufi ya Damas, bivugwa ko hagizweko ibitero vya bombe nka buri musi.

Mu ndwi ziheze, abagwanyi bagirije reta n'abayishigikiye kugerageza kwigarurira ako karere, kagaburira amazi meza umugwa mukuru.

Mu gihe abagwanyi "bubahirije ihagarikwa ry'imigwano hose muri Syria… reta n'abayishigikiye ntibahagaritse kurasa".

Igisirikare kirahakana ivyo bivugwa n'abagwanyi ko ari vyo bibangamiye umugambi w'amahoro wose.

"Ku rubuga, ibihakoregwa birabangamiye amasezerano kandi mu gihe ibintu bitosubira mu buryo nka mbere, ayo masezerano ashobora kuba impfabusa," ni ko iryo tangazo ry'abagwanyi rivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagwanyi bagiriza reta kurenga ku masezerano yo guhagarika intambara mu micungararo ya Damas

Ku mwaka mushasha, akanama ka Onu kajejwe umutekano katoye atawuvuyemwo guha ikaze utwigoro tw'Uburusiya na Turkia two kurangiza intambara no gutegura ibiganiro vy'amahoro.

Ihagarikwa ry'intaabara riri hose muri Syria, havuyemwo imigwi y'abitwaza iterabwoba nka Islamic State (IS) na Jabhat Fateh al-Sham (JFS) hamwe n'abagwanyi b'aba Kurdes (YPG).