Trump yatumye abashingamategeko bisubirako

Uwo mugambi wari washikirijwe n'umukenguzamateka Congress Bob Goodlatte Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwo mugambi wari washikirijwe n'umukenguzamateka Congress Bob Goodlatte

Abashingamateka n'abakenguzamateka ba Amerika bahagaritse amasezerano yarimwo utunenge yo gushaka kugabanya ububasha umugwi ujejwe kwihweza ingene bitwara mu mabanga yabo.

Uwo mugambi wari washavuje abademokrate na prezida aherutse gutorwa Donald Trump yavuze ko kitari co kintu ca mbere co kwihutira gukora.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, Donald Trumpyasavye ko isubirwamwo ry'ingene ikori ritangwa n'ikibazo c'amagara y'abantu ni vyo bintu vyari vyihuta ku mugambwe w'abrepublicans.

Umumenyeshamakuru wacu yavuze ko ari ibiterasoni kandi vyerekanye ko badafatanye mu nda.

Muri ico gihe nyene Mike Enzi arongoye umugwi w'abashingamateka w'abarepublicain bajejwe kuraba amahera reta ikoresha, yaratanguye urugamba rwo gufuta itegeko rigenga amagara y'abantu rya Barack Obama.

Urugamba rwo gufuta iryo tegeko rushobora gufata amezi menshi, na yo gutanguza umugambi mushasha bishobora gutwara imyaka itari mike.