Trump yongeye kunebagura inzego z'iperereza za Amerika

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwatorewe kuba Prezida wa Amerika yashikirije vyinshi ku rubuga rwiwe rwa Twitter

Prezida aherutse gutorwa Donald Trump yongeye kwifatira mu gahanga inzego z'iperereza za Amerika ku busuma bwo kuri internet zagiriza Uburusiya.

Ku rubuga rwa twitter yavuze ko insiguro yari ategereje guhabwa n'inzego zijejwe iperereza kukwivanga k'Uburusiya mu matora ya 2016 - kwatumye Trump aharonkera akarusho - kwigijwe inyuma.

"Nkeka hakenewe uwundi mwanya munini kugira bagire ivyo bongeramwo. Biratangaje cane!" ni ko yanditse.

Ariko abategetsi bajejwe iperereza muri Amerika bavuze bashimitse ko hatigeze higizwa inyuma umwanya ku kirangamisi cabo.

Ibigo vyinshi bijejwe iperereza harimwo FBI na CIA vyemeza ko Uburusiya bwatanze amabwiriza yo kwinjirira umugambwe w'abademokrate n'imyiyamamazo yumukandida wawo Hillary Clinton, mu gushira ahabona inkuru zibwe na WIKILEAKS co kimwe n'izindi mbuga mu ntumbero yo gufasha Trump mu matora y'umukuru w'igihugu.

Mu ntango Trump yariyamirije ivyo bivugwa avuga ko ari "ibiterasoni" ariko aza kuvuga ko ashobora kugirana umubonano n'abarongoye ibigo vy'iperereza " kugira bamubwire uko vyagenze".